Scroll to Top

Famba ngo vyafashe imyaka 5 kugira hashingwe The Fighter Production

By KING YANN COOL / Published on Friday, 08 Sep 2017 18:51 PM / /

Vyafashe imyaka itanu ngo bikunde The Fighter Production ivuke, ikaba nayo imaze umwaka umwe gusa ishinzwe.

Umwaka umwe gusa niwo Label yitwa The Fighter Production imaze ishinzwe, iyo nayo ngo igizwe n’abantu 2 gusa barimwo Happy Famba twagiranye ikiganiro hamwe na Vianney peace and Love nk’uko yabidushikirije.

Iyo Label ikaba yagiyeho ngo haheze imyaka itanu yiyumvirwa gushirwaho ariko vyanka.  Kuko icabitumye nuko hategerezwa gufatwa akanya ko kwumvisha abantu ko n’umuririmvyi ubwiwe ashobora gufasha abandi baririmvyi bagenziwe gushika ku yindi ntambwe.
Imisi iragenda iyindi iragaruka mu mwaka wa 2015, uwo mugambi ushirwa mu ngiro, abaririmvyi batangura gukora akazi kabo, abandi bakurikiranira hagufi ibijanye n’ivyo bikorwa vyabo.

Mu makuru yacu akurikira mu rukurikirane rw’amakuru ajanye n’iyo Label tuzogaruka kuri bene iyo Label hamwe n’icabatumye kuyugurura.

Ariko mukirindiriye mwomenya ko The Fighter isanzwe ifise igisata gisanzwe gitegura ibiteramo bikomakomeye, birimwo ivy’abanyamahanga batari bake bamaze kuza ngaha iwacu kuko usanga harimwo ukuboko kwa The fighter.

4,178 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel