Scroll to Top

Iyaba yari uwugura, Don brighter ngo yoguze Views 1,000,000

By KING YANN COOL / Published on Friday, 08 Sep 2017 19:16 PM / /

Nta kamaro abona kw’igura ama views kuko kuba ar’ukwihuma amaso kuko ataho agushikana.

Indirimbo 2 zikurikirana ziheruka gukorwa na Don Bright zifashe neza Ku rubuga rwa YouTube aho zirabwa n’abatari bake. Izo nazo akaba ari Indyarya imaze amezi arenga 5 isohotse hamwe na My world imaze imisi 7 ishizwe ahabona.

Iyo ndirimbo yiwe nshasha ikaba ku misi itanu gusa imaze kurabwa n’abarenga ibihumbi 20 kuri urwo rubuga rwiwe rwa youTube. Mu kiyago twagiranye yatubwiye ico abona ko iyo ndirimbo iriko ivyifatamwo neza gusumba iya mbere “Indyarya” yaheruka gusohorera amasanamu.

Uwo muririmvyi abarizwa ku mugabane wa Amerika twayaze kuco yibaza ku basanzwe bagura Views, yatubwiye ko ata kimazi kuko ngo ataco biheza ngo bikumarire kuko gusa nk’aho ari ukwihuma amaso kuko abantu bataba bakunze indirimbo yawe. Kubwiwe ngo iciza n’ugufata akanya gakwiye ko gukora vyiza hama abantu bakabikunda ukaduga neza.

Muri ico kiyago ararahira akarengwa ko atigeze agura izo Views asanzwe afise kuko ngo iyaba yashaka kugura ngo yoguze nyinshi cane zishika ku muliyoni kugira abe umurundi wa mbere azironse.

Ico kibazo c’abaraba indirimbo z’abarundi ku rubuga rwa YouTube kikaba gihanze benshi kuko abarundi muri kano karere bari inyuma cane kw’irabwa ry’indirimbo kuri urwo rubuga mu gihe abasigaye bo kuronka views ibihumbi 100 ari akanya gato cane.

Kurikirana Ico kiganiro yagiranye natwe Ku murongo wa terefone.

5,086 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel