Scroll to Top

Avril yihakanye ibivurwa ko yoba ari mu rukundo na Diamond platnumz

By KING YANN COOL / Published on Friday, 08 Sep 2017 19:00 PM / /

Uko Avril akoze indirimbo abanza kubaza Diamond uko abibona imbere yuko ayisohora, ariko ngo ubucuti bwabo bugarukira ku muziki.

Umwigeme Avril w’umunyakenya yahakanye ivyariko bivurwa ko yoba afitanye imigenderanire idasanzwe na mugenziwe Diamond Platnumz.

Mu kiganiro kuri Kiss Fm mu gihugu ca Kenya, yavuze ko Diamond amwemera cane kandi amwubaha, ngo buri gihe iyo ashaka gusohora indirimbo abanza kuyimurungikira -Diamond – ngo yumvirize ico amubwira.

Uwo mwigeme muri ico kiganiro yavuze ko atigeze agiriranira ubucuti burengeje na Diamond ahubwo ibiyago vyabo vyose ngo bihagaze ku muziki.

Avril akaba yabivuzweko cane kubera ko mu mwaka wa 2012 yigeze kuba Video Queen w’indirimbo Kesho ya Diamond Platnumz.

Ivyo bikaba bishikirijwe mu gihe Diamond ashobora kuba ari mu yabira kubera umwigeme Hamissa Mobeto aheruka kwibaruka umwana akamwita amazina asa n’aya Diamond na se wiwe.

4,046 total views, 2 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel