Scroll to Top

Yaraye atewe n’akarwi k’abantu bamusanze ku muhana iwe

By La Rédaction / Published on Saturday, 09 Sep 2017 02:16 AM / /

Umuntu umwe yaciye yitaba Imana uwundi arakomereka bikomeye nayo uwugira gatatu gushika ubu hakaba hataramenyekana irengero ryiwe, aho ni mu gitero caraye gikozwe n’abantu bitwaje imipanga ku rugo rw’umushingantahe Samuel Ntirampeba wo ku musozi wa Muyange, komine Butezi mu ntara ya Ruyigi.

Kuri uwu wa 8 Nyakanga, abantu bitwaje imipanga bataramenyekana gushika ubu barateye ku rugo rw’umushingantahe azwi kw’izina rya Samuel Ntirampeba wo ku musozi wa Muyange, komine Butezi mu ntara ya Ruyigi baraheza baramukomeretsa cane, umukazana wiwe Claudette Irankunda ahasiga ubuzima nayo umuhungu wiwe, Célestin Itangakubuntu akaba gushika ubu ngo ata rengero ryiwe baramenya.

Bwana Samuel akaba yaheruka gutsindira itongo ryahora ribamwo imiryango irenga amajana umunani maze sentare ikaba yari yasavye iyo miryango gukinjura muri ayo matongo abone gushikirizwa mweneyo Samuel ivyo abo banyagihugu batakengurutse na gato bahitamwo kugira imyiyerekano imbere ya komine Butezi basaba ubutungane ko bwobatunganiriza bukabereka aho bazoheza bakimukanira imiryango yabo.

Nayo mu bijanye n’amatohoza kuri ico gitero caraye gikozwe ku mushingantahe Samuel, abantu bagera kuri batatu akaba aribo ngo bamaze gufatwa n’inyamiramabi.

7,433 total views, 1 views today

Categories : homepage kirundi security

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel