Scroll to Top

Yaraye agarukiye ku miryango igera ku 299 y’abatwa

By La Rédaction / Published on Saturday, 09 Sep 2017 00:13 AM / /

Imiryango y’abatwa igera ku majana abiri na mirongo icenda n’icenda yo muri komine ya Bubanza niyo yaraye ironkejwe imfashanyo igizwe n’igifungurwa c’umuceri.

Kuri uyu musi wa gatanu twaraye turangije igenekerezo rya 8 Nyakanga uwu mwaka, umushikiranganji w’agateka ka zina-muntu n’ugushigikirana niho yagarukira ku miryango igera ku majana abiri na mirongo icenda n’icenda y’abatwa bo muri komine ya Bubanza bari basanzwe bageramiwe n’inzara mu kuyironsa igifungurwa kigizwe n’umuceri.

Ibiro vy’uwo muceri bigera kw’icumi bikaba arivyo umuryango umwumwe washoboye kuronswa. Nayo abariko baratanga ako gafashanyo bakaba bamenyesheje ko ben’izo mfashanyo zigiye kubandanya zitangwa no ku yindi miryango ibayeho nabinabi yo muri iyo ntara nyene ya Bubanza iharurwa mu bihumbi bibiri n’amajana ane na mirongo ine.

2,548 total views, 1 views today

Categories : homepage kirundi societe

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel