Scroll to Top

Iki nico asaba abatwara ingendeshwa mu gihe buca amashule atangura

By La Rédaction / Published on Sunday, 10 Sep 2017 00:04 AM / /
               Moise Nkurunziza, icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe umutekano

Mu gihe aho bukera, igenekerezo rya 11 Nyakanga uwu mwaka buca abanyeshule bari bamaze igihe mu buruhuko basubira gutangura amashule, icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Moise Nkurunziza asaba abagendesha ingendeshwa kugerageza kwubahiriza amategeko agenga ibarabara na canecane mu kwama baraba ibimenyetso vyo mw’ibarabara biheruste kuhashirwa mu ntumbero y’ukugabanya amasanganya yo mw’ibarabara.

Ivyo akaba yabishikirije mu gihe hakunze kwibonekeza amasanganya yo mw’ibarabara mu gihe amashule aba atanguye kubera uruja n’uruza ruheza rukiyongera nayo abagendesha ingendeshwa ugasanga bazitwara mu muvuduko udasanzwe bakibagira ko ibarabara ryagenewe gucamwo abanyagihugu bose baba abagenda n’ivyuma vy’ukwiyunguruza ndetse n’abagenda n’amaguru.

Nayo uwuzohirahira agafatwa ari mu muvuduko urenze uwo yategerezwa kugendamwo canke akaba atashoboye kwubahiriza ivyo bimenyetso vyashizwe ku mabarabara kugira bifashe gukinga impanuka, Moise Nkurunziza amenyesha ko azoheza agahanwa hisunzwe amategeko agenga ibarabara.

7,944 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel