Scroll to Top

Etienne Ndayiragije ati :”Sinkangwa n’ abakinyi bakomakomeye”

By Radjabu Bosingwa / Published on Saturday, 09 Sep 2017 04:25 AM / /

Umumenyereza w’umurundi Ndayiragije Etienne, amenyereza umugwi Mbao Fc wo mu gihugu ca Tanzania mu gisagara ca Mwanza, inyuma yo kuronka itsinzi y’igitsindo 1-0 mu rukino rwabahuje n’umugwi Kagera Sugar, uwo mumenyereza yavuze yuko wewe adakangwa n’a bakinyi bakomakomeye

Etienne yashimishijwe n’ugutsinda “Kagera Sugar” kuko ari umurwi uzw iko ukomeye, Etienne akavuga yuko bishoboka ko no mu rukino bimirije gukina na Singida United bazoronka amanota atatu.

Uwo mumenyereza akaba yagiye muri uwo mugwi mu mwaka wa 2016 akaba amaze kuwufasha ibitaribike ndetse no kubazanira abandi bakinyi b’Abarundi nka Ndikumana Issufu Lule, Mvuyekure Emanuel hamwe na Rugumandiye Yvan.

8,233 total views, 3 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel