Scroll to Top

#Indundi Sports| Abakinyi b’abarundi bakina hanze y’igihugu muri ino Weekend.

By Alain Muhirwe / Published on Saturday, 09 Sep 2017 06:00 AM / /

Inyuma y’indwi imwe amahiganwa ku mugabane mpuzamakungu yahagaze gatoya, bivanye n’inkino z’imigwi nserukirabihugu, ano mahiganwa mu mpera z’ino ndwi yarasubiye gutangura ku va ku munsi w’ejo wa gatanu (8/9/2017).

Abakinyi bamuka hano mu Burundi, n’ubwo batari mu mahiganwa atanu akomeye kw’isi, n’abo barafise inkino kuri uno wa gatandatu hamwe n’umunsi w’ejo w’Imana.

  1. Ubwongereza: Umugwi wa Stoke City ukinamwo Saido Berahino, umusore w’umurundi, urakira Manchester United kuri uno wa gatandatu igihe c’isaha icumi mu masaha ya hano i Bujumbura.

    AS MONACO v Stoke 15JUL17

2.  Ecosse : Umugwi wa Motherwell ukinamwo Gael Bigirimana, urakira Kirmanork mu cicaro ca  mbere muri ico gihugu, urukino ruza kuba amasaha ya 11 z’umugoroba hano i Burundi.

3. Afrika y’Epfo: Muri kino gihe abakinyi  Nsabiyumva Frederic na Ndayisenga Kevin Dambo, nibo bari mu kibuga hamwe n’umugwi wabo Jomo Cosmos, mu cicaro ca kabiri. Kuri unyu muhingamo bafise urukino n’umugwi wa Madzivhandila FC.

4. Kenya:  Gushika kuri uno munsi mw’ihiganwa ry’igihugu ca Kenya ( Kenya Premier League), hakina abasore batatu. Arakaza Mac Arthur ( Homeboyz Kakamega), Karim Makenzie( Gor Mahia),Kitenge Alexis (AFC Leopards). Iyo migwi nayo ikaba ifise inkino kuri uno wa gatandatu:

Homeboyz- Thika United

GorMahia- Mathare United

AFC Leopards- Zoo Kericho.

5. Zambia: Mu mugwi wa Zesco United hrimwo abasore babiri b’abarundi, Enock Nsabumukama na Ntibahezwa Dieudonne. Umugwi wabo uza gukina na Zanaco, umugwi barwanira ikibanza ca mbere c’ihiganwa ryo mu gihugu ca Zambia.

6: Tanzania: Imigwi itatu niyo irimwo abakinyi b’abarundi, Mavugo Laudit ( Simba Sports Club), Tambwe Amissi (Yanga Africans), Rugumandiye Yvan, Yussuf Lul Ndikumana , Mvuyekure Emmanuel (Mbao FC). Iyo migwi ikaba ifise inkino :

Mtibwa Sugar- Mbao FC

Simba – Azam

Yanga Africans- Njombe.

Hakaba hari n’bandi bakinyi b’abarundi bakina mu bindi bihugu, amahiganwa yabo ataratangura, aho twovuga nko mu Rwanda. Hari n’umukinyi Christophe Nduwarugira ataratangura kuja mukibuga bivanye n’imvune yagize ari mu mugwi wa Uniao Madeira.

 

 

9,616 total views, 3 views today

Add Comment

Comments (1)

desire shemezimana
2017-09-11 00:00:00

hahaha ngo saido berahino numurundi mbe amaze kudukinira inkino zingahe bamureka guhenda abantu

Write a comment ...
Post comment
Cancel