Scroll to Top

#indundi | Jose chameleon n’umuryango wiwe ngo ntibabarizwa mu buganda

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 10 Sep 2017 02:46 AM / /

Yaba Chameleon, yaba umuryango wiwe ngo nta numwe abarizwa muri kino gihe mu gihugu c’Ubuganda.

Dr Jose Chameleon ngo ntabarizwa mu gihugu c’Ubuganda gushika kuri ino saha, uwo ngo ubu abarizwa mu gihugu ca Arabie Saoudite neza neza i Dubai.

Amakuru dukesha bagenzi bakorera ibinyamakuru vyo mu gihugu c’ubuganda, avuga mo uwo muririmvyi yajanye n’umuryango wiwe wose mu karihuko.

Intandaro ngo n’amajambo yavuzwe cane mu misi iheze ko yoba atagicana uwaka n’umuryango ngo ko kandi bamaze gusambura n’umugore. Chameleon ngo yoba yashatse kwerekana ko ata kibazo gihari mu muryango iwe.

Chameleon hampande y’akaruhuko yagiyemwo mu gihugu c’abarabu, ngo yaranahafise igiteramo yakoze ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 9/9.

Mwomenya ko atari we wenyene abikoze kuko na Diamond nawe yaheruka kujana Zari The boss mu gihugu ca Kenya I Mombasa mu karuhuko ngo kubera uhererekane rw’ibibazo yaragizemwo imisi.

7,587 total views, 5 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel