Scroll to Top

#Indundi Sports| Peace Cup Tournament: Musongati yirahiye Aige Noir (1-0).

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 10 Sep 2017 10:29 AM / /

Mu kiringo kirenga indwi yose, mu gisagara ca Gitega hariko harabera ihiganwa ryahuje imigwi ine yose yo mu gihugu hagati ikukira icicaro ca mbere ( Aigle Noir FC- Musongati FC – Messager Ngozi- Flambeau du Centre), kuri uno w’Imana harangiye urukino rwa nyuma, umugwi wa Musongati ukaba utahukanye igikombe batsinze Aigle Noir ku gitsindo kimwe ku busa (1-0).

N’ihiganwa ryari rifise intumbero y’ukwitegurira ihiganwa rya Primus Ligue buca ritanguye, aho imigwoi yose uko ari ine yagiye irahura, Aigle Noir FC iza urangiza iri mu kibanza ca mbere, Musongati FC iya kabiri, Flambeau du Centre iya gatatu nayo Messager Ngozi irahereza.

Umugwi wa Musongati, unyumy’ukwikomeza ukagura bamwe mu bakinyi bakomeye hano mu Burundi, aho twovuga nka: Akimana Trezor yahora muri Vital’o FC, Sakubu Laurent ( Les Lierres FC), Niyonkuru Nassor ( Vital’o FC), Mubango Trezor ( Athletico Olympique), werekanye ko uno mwaka witeguriye bikwiye gutwara igikombe ca Primus Ligue.

Aigle Noir FC,inyuma y’imyaka ibiri iza mu bibanza bine vya mbere, yadugije mu mugwi w’abakuze bamwe mu bakinyi yahorana mu batarenza imyaka 20, bizoyituma ishika mu kibanza ca mbere nk’uko ari co cifuzo ku basanzwe barongoye uyo mugwi.

Tubibutse ko ihiganwa rya Primus Ligue buca ritangura kw’igenekerezo rya 16 Nyakanga, Umugwi wa Aigle Noir  ukazohura na Flambeau de l’Est nayo Musongati ikazotangurira kuri                   mu rukino rwa mbere.

 

 

7,269 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel