Scroll to Top

#Indundi Sports| Messager Bujumbura yahaye amasezerano abakinyi bayo.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 10 Sep 2017 10:28 AM / /

Amakuru ava hafi y’umugwi wa Messager Bujumbura, arashikiriza ko abakinyi b’uyu mugwi wegukira ishure ry’urukino rw’umupira w’amaguru ( Le Messager), bahawe amasezerano y’imyaka icumi ndetse n’umushahara bazoza barahembwa buri kwezi, hatibagiwe agahamba bazohabwa buri rukino.

Abakinyi ba Messager Ngozi bakaba bashizwe mu ngero zibiri, hari abazohembwa buri kwezi amahera angana n’ibihumbi ijana (100000fbu) buri kwezi, urugero rwa kabiri bazoza barahabwa umushahara ungana n’ibihumbi mirongo umunani(80000fbu). Buri rukino umugwi wa Messager Ngozi uzotsinda, umukinyi wese azohabwa agashirukabute kangana n’ibihumbi mirongo ibiri (20000), urukino bazonganya baronke ibihumbi icumi( 10000fbu).

Izo akaba ari zimwe mu ngingo zizotuma uyu mugwi wifata neza mw’ihiganwa rya Primus Ligue buca ritangura, mu gihe ku mwaka uheze bari barangije bari mu kibanza ca 12. Mu rukino rwa mbere rw’ihiganwa bazokina n’umugwi wa Les Lierres.

5,315 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel