Scroll to Top

Natacha agiye gusohora akandi karirimbo

By KING YANN COOL / Published on Monday, 11 Sep 2017 01:13 AM / /

Akandi karirimbo gafise ubutumwa burabishwa ku gukinga amabi akorerwa abakenyezi kagiye gushirwa ahabona na Natacha.

Inyuma y’akaririmbo ”Gerageza” yakoreye kwa Magufuli, Natacha ngo agiye gushira ahabona akandi karirimbo gashasha mu misi ya vuba.

Ako karirimbo kariko gakorwa na Amir pro, kakaba gafise ubutumwa burabishwa gusaba uguhanwa kw’amabi akorerwa abakenyezi. Ako karirimbo kakaba katanguye gukorwa ahubwo gasigaje gushirwa ahabona.

Ako karirimbo kakaba katanguye n’ukumenyekanishwa abicishije ku mbuga ziwe asanzwe akoresha nka Facebook n’izindi, aho yasohoye amashusho ari muri Studio asa n’uwuyiririmba. Si ico gusa kuko n’ama sanamu atandukanye ari muri Studio akaba ariko arakwirakwizwa hirya no hino.

4,384 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel