Scroll to Top

Oprah ngo yoba yigereranya n’ijini, idayimoni

By KING YANN COOL / Published on Monday, 11 Sep 2017 01:33 AM / /

Ukwigereranya n’ijini kwa Irene Uwoya ngo vyoba biva k’ukudasaza akesha nyina yamuvyaye.

Irene Uwoya benshi bazi nka Oprah, umukinyi w’amareresi akunzwe cane muri kano karere akomoka mu gihugu ca Tanzania ngo gushika ubu yigereranya n’ijini -idayimoni- kubera ubwiza bwiwe.

Uwo muvyeyi w’umwana w’umuhungu yavyaranye n’umukinyi w’umupira w’amaguru Katauki, avuga ko aho aciye amaso atareka kumukurikira, ikimutera kwigereranya n’amajini.

Uwo mukinyi akaba ubwo bwiza ngo abukesha Nyina nk’uko yabandanije abiyagira ikinyamakuru gisohoka rimwe mu ndwi muri Tanzania citwa -Risasi Jumamosi-. Uwo akabimushimira kuko ngo buri musi uko avyutse nta n’umunkanyari uza ku mubiri wiwe mu gihe ibindi bihangange vyo bitera bisaza buri gihe.

5,551 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel