Scroll to Top

#indudi Sports|Primus league| Abakinyi LLB imaze kugura.

By Radjabu Bosingwa / Published on Monday, 11 Sep 2017 11:13 AM / /

Mugihe hasigaje imisi itarenga itanu ihiganwa rya Primus League ritangure umugwi L L B watwaye iry’umwaka uheruka, uriko uriyubaka mu kugura abakinyi.

Mu ntumbero yo gukomeze umugwi, L L B userukira igihugu mu migwi yabaye iyambere yatwaye ibikombe mu bihugu vyabo umaze kugura abajinyi bashika kuri batandatu.

[

Mu rutonde rwabakinyi kizigenza w’umugwi L L B Rashid Leon yahaye Indundi Sports, habonekamwo abakinyi bashasha nka:

1) Abdoul (Dynamic)
2)Omar ( Dynamic)
3) Emmenuel ( Les lierres)
4) Djamal (Muzinga)
5) Moussa Mossi hadj (Djibouti telecom)
6) Hakizimana Issa vidic ( Vital’o)

7) Hafiz ( DCMP)

Akaba yavuze yuko hariho abandi bakunyi bakiri mu biganiro n’uyo mugwi nka Enteko Junior Kavumbagu yahora akina umugwi Vital’o hamwe na Tachi yahora mu mugwi Musongati tutibagiye n’uwitwa Messo.

Mu kibukako abakinyi bamaze kuva muri uwo mugwi barenga kuri batatu, Ndarusanze Claoude yamaze kwerekeza mu mugwi As Kigali mu gihugu c’Urwanda Ndikumana Tresor nawe akaba ari mu mugwi Amagaju Fc mu Rwanda , kaze Gilbert Demunga Djibouti hamwe n’umunyegori Ndikumana Saidi Tama amaze kugurwa mu mugwi Les Lierres.

2,891 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel