Scroll to Top

#Indundi Sports| Inyuma y’ugusezera muri Kirehe FC, agiye gusubirizwa.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 11 Sep 2017 11:14 AM / /

Umumenyereza Omar Ntakagero, aherutse gutanga imihoho mu mugwi wo mu cicaro ca mbere wa Kirehe FC, yoba agiye gusubirizwa muri ino ndwi turimwo.

Amakuru ava hafi y’umugwi wa Kirehe, n’ubwo udatangaza icoba catumye uno mumenyereza yahoze amenyereza umugwi wa Athletico, amenyesha ko ashobora gusubirizwa ku munsi wa kane ww’ino ndwi turimwo.

Aganira n’ikinyamakuru, Ruhagoyacu, umwe mu ndongozi wa Kirehe FC ntiyemeza canke ngo ahakane amakuru y’uko Ntakagero Omar yaoba yaramaze kuva muri uno mugwi. Inyuma y’aho bahinduriye ¬†bimwe muvyari mu masezerano yiwe. Uwitwa Habanabakize Celestin yashikirije ko mu minsi itatu gusa bazoba bafise umumenyereza mushasha.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe mu ndwi iheze, havuzwe amakuru atandukanye ko bamwe mu bamenyereza b’abarundi bakorera boba bagiye gusezererwa, ivyakozwe ku ruhande rwa Bugesera FC, Kanyenkore Gilbert yamaze gusezererwa.

 

5,082 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel