Scroll to Top

| Abaririmvyi n’abamenyeshamakuru bagiye gutana mu mitwe

By KING YANN COOL / Published on Monday, 11 Sep 2017 22:38 PM / /

Abaririmvyi n’abamenyeshamakuru bagiye gutana mu mitwe mu rukino rw’amaguru ruzobahuza kuri uyu wa 5 igenekerezi rya 15 nyakanga kuri Stade Prince Louis Rwagasore.

Igenekerezo rya 15 Nyakanga ku musi wa gatanu hateguwe urukino rw’umupira w’amaguru uzohuza abaririmvyi bahurikiye mw’ishirahamwe Amical des Musiciens hamwe n’umurwi uzoba userukira abamenyeshamakuru. Urwo rukiro rukazobera kuri Stade Prince Louis Rwagasore.

Urwo rukino ngo rwoba rutunganije mu ntumbero y’ugushigikira abana batishoboye muri kino gihe c’intango y’amashure. Aho ubwo buryo bukazova mu mafaranga azokwinjizwa aho ukwinjira azoba ari 20.000 Ticket Sponsor, 300 mu bwugamo B na C, 2000 mu bwugamo A na D hamwe na 500 mu bibanza bisanzwe.

Urwo rukino rukaba rukurikiye urundi rwaheruka kuba aho umurwi w’abaririmvyi wahuye n’abahurikiye mw’Ishirahamwe ry’abagendesha amapikipiki¬† AMOTAB aho batsindanye 1 ku kindi.

6,803 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel