Scroll to Top

indundi | Abakozi ngo nibo Famba yarabuze kugira The Fighter itangure

By KING YANN COOL / Published on Monday, 11 Sep 2017 23:40 PM / /

Abakozi b’abakobwa co kimwe n’abahungu, ngo nibo bari babuze kugira ngo bikundeĀ  bikunde “The Fighter” itangure gukora.

Imyaka 5 niyo yafashe yijijanye imitima y’iyo ahera n’iyo agarukira kugira bikunde ashinge “The Fighter Production”,ariko mu mwaka wa 2015, Famba niho yahava agatanguza uwo umugambi wiwe w’ugufasha abaririmvyi.

Tumubajije icatumye arindira ico gihe cose yamenyesheje ko yari abuze abakozi bomufasha muri ako kazi yari yiyemeje gukora. Aho akavuga ko yarakeneye abahungu co kimwe n’abakobwa bakorana.

Yabandanije mu kiyago yagiranye na Indundi Magazine amenyesha ko gushika ubu afise abakozi bashika kuri 6, abo akavuga ko harimwo abamenyekanisha ibiteramo (Marketing and Communication), eka n’abajejwe kwandikira ibindi bigo bijejwe guteza imbere umuziki bamaze kwunga ubucuti.

Famba akabandanya avuga kandi ko avuga ko ashaka gukura umuziki ndundi ahuri ngo awushikana Ku rundi rwego.

Mu makuru yacu yo hanyuma tukazobandanya tubabwira icatumye ashima gutangura gukora ukwiye na rirya yarasanzwe amenyerewe cane akorana n’ibindi bigo mu gutegura n’ugushira mu ngiro ibiteramo bitandukanye.

7,906 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel