Scroll to Top

Amasanamu ya “Siku Mbili” ya Ashley Diva agiye kwerekanwa muri Kenya

By KING YANN COOL / Published on Monday, 11 Sep 2017 23:44 PM / /

Akaririmbo “Siku Mbili” kagiye kwerekanwa ku mugaragaro mu gihugu ca Kenya, inyuma y’igihe karasohotse kuri YouTube. 

Inyuma y’akaririmbo My Level yakoreye mu gihugu ca Kenya, umuririmvyikazi Ashley Diva arabandanya ibikorwa vyiwe ukuri kwamye.

Uwo muririmvyikazi akaba ku musi w’ejo yashize ahabona isanamu ryerekana ko uwo muririmvyi ngo agiye gushira ahabona amasanamu, ivyo bakunze kwitwa Video Launch, y’indirimbo yiwe Siku Mbili.

Ivyo bikorwa vy’ishirwa ahabona ry’ayo masanamu bikaba bigiye gukorerwa mu gihugu ca Kenya nyene aho asanzwe ariko arakorera ibikorwa vyiwe vy’umuziki. Aho akaza kuba ari uyu musi wa gatatu igenekerezo rya 12 Nyakanga ahitwa Tribeka Lounge, bifashwe mu mugongo na Mseto Ea n’iyo nzu Tribeka Club, ukwinjira akaza kuba ari Ubuntu.

Ariko mwomenya ko iyo ndirimbo bivurwa ko igiye gushirwa ahabona, imaze hafi umwaka ishizwe ahabona ku muhora wiwe wa YouTube.

#

8,888 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel