Scroll to Top

Inter Stars : Ngo baracarondera abakinyi bo mw’ihiganwa buca ritangura.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 11 Sep 2017 23:48 PM / /

Imbere y’iminsi igera kuri ine gusa ngo ihiganwa rya Primus Ligue (2017-2018)  ritangure, umugwi wo mu cicaro ca mbere Inter Stars, waraye umenyesheje ko ukirondera abakinyi uzokwifashisha muri iryo higanwa.

Biciye ku mumenyereza wayo mushasha uwitwa Bimenyimana Robert, hamanyeshejwe ko  basavye umukinyi wese yoba adafise umugwi akinamwo, yifuza gukina mu cicaro cambere, yoshika aho basanzwe bakorera imyimenyerezo, bakabona kubagerageza gurtyo bagahabwa amahirwe y’ugukina mu cicaro ca mbere.

Inter Stars n’umwe mu migwi ifise izina rikomeye mu mupira w’amaguru   hano mu Burundi, umaze guseruka mu mahiganwa ampuzamakungu, ugashika kure hashoboka.  Uno mugwi umaze imyaka igera kuri ibiri uhakwa gukoroka icicaro ( 2015-2016, 2016-2017), ukaba uriko uritunganya ngo ushobore kwigenza neza mw’ihiganwa ryo mu mwaka uza.

7,033 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel