Scroll to Top

Abandanya ahumuriza abanyagihugu

By La Rédaction / Published on Tuesday, 12 Sep 2017 02:49 AM / /

Umushikirangani w’amasoko ntanganguvu, Côme  Manirakiza  abandanya ahumuriza abarundi ko ata gitoro gikenye mu Burundi nk’uko bimaze imisi bivurwa.

                                      Côme Manirakiza, umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu

Mu gihe hamaze imisi havurwa ko ikibazo c’igitoro cabuze ihero ry’imiti, umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu, Côme  Manirakiza mw’itangazo yaraye ashize ahabona kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 11 Nyakanga, yamenyesheje ko kuva kuwa 6 Nyakanga uwu mwaka turimwo vyagaragaye neza ko igitoro kiri mu gihugu gikwiye.

Muri iryo tangazo nyene, umushikiranganji Manirakiza amenyesha ko umuntu uwariwe wese azofatwa ariko agerageza gutuma igitoro gikena canke ariko akidandaza nk’iforode ko azoheza agahanwa hisunzwe amategeko. Umushikiranganji Manirakiza abandanya asaba inzego zijejwe umutekano kubafasha gukinga inzira zose zituma haba urudandazwa rwa magendo rwaco.

Yaboneyeho kandi kumenyesha ko ibiciro vy’ico gitoro vyo mu kwezi kwa Myandagaro turangije ngo ntivyigeze bihinduka, bizoguma arivyo nyene no muri uku kwezi turimwo kwa Nyakanga.

5,054 total views, 2 views today

Categories : Economy homepage kirundi

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel