Scroll to Top

#indundi Sports|Breaking News| Umukinyi wa Rayon sports yitavye Imana

By Editor / Published on Tuesday, 12 Sep 2017 08:45 AM / /

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 12 Nyakanga umwaka wa 2017 hamenyekanye inkuru y’umubabaro ivuga yuko umunyegori mu mugwi Rayon Sports Evariste Mutuyimana yitavye umuremyi.

 

Evariste Mutiyimana akaba yitavye Imana kumvo z’inrwara ariko gushika muri kanya ntiharamenyekana neza na neza iyo nrwara.

Lomami Franck asanzwe ari umumenyereza agira gatatu mu mugwi Rayon Sports aremeza yuko Evariste yahora arwara indwara zitandukanye akamererwa nabi cane, arongera akavuga yuko vyatanguye igihe Rayon sports yigeze kuja muri Tanzania ariho yaje gufatwa bikomeye bica biba ngombwa ko indege yari yamaze kuduga mukirere ica isubizwa hasi abaganga baramusuzuma abona gukira .

Evariste akaba yafashwe bukumbi ari muhira iwiwe wenyene abura n’uwumutabariza ariko gucikana .Everiste Mutuyimana akaba yinjiye mu mugwi Rayon sports avuye mu mugwi Sofapaka yo muri Kenya, yavutse mu mwaka w’1990. Yakinye mu migwi itandukanye yo mu gihugu c’urwanda nka Police FC, Kiyovu FC hamwe na Rayon Sports

23,237 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (1)

Guest
2017-09-12 00:00:00

yeah inkuru nigutyo imeze ariko habayeho kwibeshya gato umutoza wa gatatu wa rayonsports ni lomami marcel ahubwo lomami fracky ni umukinnyi wa rayon mbakurikirana nibereye i kigali

Write a comment ...
Post comment
Cancel