Scroll to Top

#indundi Sports| Yves Jordan Tchakounte yatanze imihoho muri Vital’o

By Editor / Published on Tuesday, 12 Sep 2017 08:44 AM / /

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 12 Nyakanga umwaka wa 2017 niho umukinyi w’umunya Cameroun Yves Jordan Tchakounte yanditse kurubuga ngurukanya b’umenyi rwiwe Facebook yuko yatanze imihoho.

#Burundisports

Jordan agasaba ikigongwe kubakunzi bose b’umupira w’amaguru baza kubabazwa niyo ngingo.

Yves akavuga kandi yuko avuye mu mugwi Vital’o Fc ku mpamvu yuko ivyo bumvikanye n’umugwi kuva mu kwezi kwa Myandagaro bitakukirijwe.

Ayandi makuru Indundi sports yatohoje ku begereye umugwi Vital’o avuga yuko uyo mukinyi yari yaje mwi geregezwa kandi yari mu nzira yo kwirukanwa muri uyo mugwi bivanye n’uko babona ata kintu kinini yobafasha .

22,732 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel