Scroll to Top

Ngo bafatiwe muri Kenya bagiye guhamvya imirwi y’iterabwoba Al-Shabaab muri Somaliya

By La Rédaction / Published on Tuesday, 12 Sep 2017 08:21 AM / /

Abarundi bagera kuri bane nibo ngo bafatiwe mu gihugu ca Kenya neza na neza ahitwa Isiolo, bakaba bafashwe ngo bariko bagerageza kuja mu gihugu ca Somaliya mu mirwi y’iterabwoba baciye ahitwa Mandera muri ico gihugu nyene ca Kenya.

Nk’uko bishikirizwa n’ikinyamakuru Standard Media gisanzwe  gikorera mu gihugu ca Kenya, abagabo bane bafise ubwenegihugu bw’Uburundi aribo Ntakarutimana Bernard afise imyaka y’amavuka 41, Niyongere Yusuf asise imyaka y’amavuka 32, Nshimirimana Fulgence afise imyaka y’amavuka 31 hamwe na Bizoza Abdarah w’imyaka 20 y’amavuka nibo bafatiwe mu gihugu ca Kenya neza na neza ahitwa Isiolo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 12 Nyakanga, bakaba bafashwe ngo bariko bagerageza kuja mu gihugu ca Somaliya mu mirwi y’iterabwoba muri ico gihugu, Al-Shabaab, baciye ahitwa Mandera.

Abo bagabo bompi uko ari bane ngo bakaba bafashe urugendo rubavana i Bujumbura gushika muri Kenya nka bamukerarugendo yamara bamaze gufatwa akaba ariho igipolisi c’aho muri Kenya cahavuye kimenya ko atari bamukerarugendo. Bamaze kubashira mu kamarampaka, abo bagabo niho ngo bahava biyemerera ko bari baciye aho muri Kenya barengana gusa iherezo ry’urugendo rwabo ngo rikaba ryari mu gihugu ca Somaliya aho ngo bari bagiye guhamvya imiwi y’iterabwoba Al-Shabaab yo muri ico gihugu ca Somaliya.

 

16,685 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel