Scroll to Top

Ntirwaza Sudi yatanguye kuvugisha benshi mu gihugu ca Djibouti

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 13 Sep 2017 00:12 AM / /

Umukinyi Ntirwaza Sudi yahora akina mu mugwi wa Musogati FC, haheze ikiringo c’indwi zitatu agiye mu gihugu ca Djibouti, mu mugwi wa AS Djibouti Telecom, mu nkino zitatu amaze gukina muri uno mugwi yamaze gutangaza benshi, mu bakurikirana umupira wo muri ico gihugu.

Ku munsi w’ejo (11/9/2017) arikumwe na bagenziwe b’abarundi bakina muri uyo mugwi, Jeff Nzokira na Manirakiza Haruna ( Lucio), baraye batwaye igikombe c’ukwibohoza muri ico gihugu bita coupe de la revolution, batsinze umugwi wa AS Port.

Inyuma y’urwo rukino uwurongoye umugwi wa AS Djibouti telecom, uwitwa Djabir Doualeh ¬†yashize ahabona umunezero afitiye bano basore bavuye mu gihugu c’Uburundi.

Tubibutse ko uno mugwi umaze kuba ukinamwo abasore b’abarundi bane, inyuma y’aho uwitwa Moussa Mossi Hadji aviriye muri uyu mugwi akagaruka hano mu Burundi mu mugwi wa LLBS4A, aho azokina mw’ihiganwa rya Primus Ligue(2017-2018).

14,394 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel