Scroll to Top

Yabasanze aho bariko bakorera Kanyanga asiga abagandaguye

By La Rédaction / Published on Wednesday, 13 Sep 2017 06:23 AM / /

Abantu bagera kuri bane nibo baherutse kugandagurwa n’umugizi wa nabi ataramenyekana mu gihe yabasanga aho bariko barakorera inzoga itemewe n’amategeko bita ”Kanyanga”.

Amakuru yemezwa n’igipolisi c’Uburundi amenyesha ko mw’ijoro ryo ku musi wa mbere uheze, igenekerezo rya 11 Nyakanga uwu mwaka hari umugizi wa nabi yateye ku kirindiro cari gisanzwe gikorerwamwo inzoga zitemewe n’amategeko bita ”Kanyanga”, maze asiga agandaguye bane muri abo bariko barakora izo nzoga zibujijwe n’amategeko, nayo abandi babiri muri bo barakomereka.

Nk’uko ayo makuru ava mu gipolisi abandanya abishikiriza, iryo bara ngo ryaguye igihe c’isaha zine n’igice z’ijoro mw’ishamba ryo mu Rubirizi mu ntara ya Bujumbura ikunze kwitwa Bujumbura Rural.

Amatohoza akaba yaciye atangura gukorwa muri iryo joro nyene kugira barabe ko boshobora kumenya uwo mugizi wa nabi yihaye inkumbi n’ico yoba yarabikoreye.

8,332 total views, 2 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel