Scroll to Top

Impunzi z’abarundi zirabandanya guhunguka

By Julien Barinzigo / Published on Wednesday, 13 Sep 2017 07:26 AM / /
Credit Photo Igihe

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 12 niho umugwi ugira kabiri w’impunzi  zari zahungiye muri Tanzaniya zashika mu Burundi.

Mu gitondo c’isaha zibiri niho imiduga  yabashikana muri Komine Gisuru y’i intara ya Ruyigi.Hashikanywe imiryango 76 igizwe n’abagabo 115 n’abagore 105.Abo bose batauruka mu ntara zitandukanye.Mu ntara ya Ruyigi haje abanagana na 205, Cibitoke 14  mu gihe umuntu umwe ariwe yahungutse avuga ko aturuka mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru aturuka mu makambi y’impunzi yo muri Tanzaniya cane cane y’i Nduta yemeza ko hari abarundi batashimye guhunguka ahubwo batera barondera aho boja kuba mu micungararo y’i kambi naho bitoroshe.

 

12,483 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel