Scroll to Top

Babiri muri batandatu barahakomerekeye bikomeye

By La Rédaction / Published on Wednesday, 13 Sep 2017 06:47 AM / /

Umuyaga w’igihuhusi waraye uteye kw’ishule ryisumbuye rya Mpanuka wasije amaji ajererenga, aho hambavu y’ibirase vyasigaye ari ibigangara, n’abanyeshule bari murivyo barahagiriye ikibazo.

Kuri uyu wa kabiri twaraye turangije igenekerezo rya 12 Nyakanga uwu mwaka, ishule ryisumbuye rya Mpanuka ryo muri komine ya Ndava mu ntara ya Mwaro ryarahagiriye ibibazo mu gihe haduka umuyaga w’igihuhusi udasanzwe maze ubomagura ibirase vy’iryo shule eka n’abarerwa bari basanzwe bariko barakurikirana ivyirwa bakaba barahakomerekeye.

Abarerwa bagera kuri batandatu akaba aribo bahakomerekeye babiri muri bo bakaba barasinzikaye cane gushika ubu bakaba bariko baravurirwa mu bitaro vyo ngaho ku Ndava.

Gushika ubu, umuyobozi co kimwe n’abarezi bo kuri iryo shule ryaraye rhuye n’impanuka bakaba basaba Leta hamwe n’abagiraneza ko bobagarukirako mu kubafasha gusanura ayo masomero gutyo abarerwa babo babone gusubira kuronka aho basomesherezwa.

13,042 total views, 2 views today

Categories : homepage kirundi security

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel