Scroll to Top

Hari ibindi vyiza biri inyuma kubwa Andy Kool

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 13 Sep 2017 20:50 PM / /

Ibikorwa birabandanya kuko inyuma y’amasanamu y’indirimbo Gukunda ngo hari iyindi iriko irategurwa.

Abaririmvyi bariko bararuka muri kino gihe bariko bavyitwaramwo neza canke aba kera, ngo nibo yipfuza kuzokorana nabo muri kazoza ibikorwa vy’umuziki. Ivyo vyashikirijwe na Andy mu kiyago yagiranye na Indundi Magazine ku murongo w’impamagarakure .

Muri ico kiyago yamenyesheje ko akaririmbo kiwe “Gukunda”¬†kashizwe ahabona ¬†katazoba kabaye aka nyuma kuko hari akandi vuba cane ngo azoshirirwa ahabona amasanamu, ayo akaba yanahejeje kuyafata ahubwo asigaje guhinyanyurwa.

Andy akaba kandi yavuze ko indirimbo 4 muri 6 zizoba zigize urukurikirane rwiswe Gukunda zizoba zifise amasanamu, ayo ngo akazomutwara uburyo butari buke ariko akaba ata nzu iriko irasha, ngo vyose bizogenda neza.

Andy akaba muri ico kiganiro yaheruka guha Indundi yari yamenyesheje ko yagarukanye inkomezi nyinshi mu bikorwa vy’umuziki, akemeza ko abakunzi b’umuziki atazobatetereza kuko agarukanye inkomezi zitari Nke.

10,764 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel