Scroll to Top

#Indundi Sports|Volley Ball: Urukino rwa nyuma mw’ihiganwa rihuza intara.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 13 Sep 2017 20:43 PM / /

Mu mpera z’ino ndwi turimwo, kwigenekerezo rya 16 Nyakanga,  mu ntara ya Ngozi hazosozerwa inkino zihuza intara zose mu rukino rwa Volley Ball, inkino zatunganijwe n’ubushikirnganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho z’ugukunda igihugu.

Itangazo ryasohowe n’ubwo bushikiranganji ku munsi w’ejo waheze (12/9/2017), ubwo bushikiranganji buhamagarira abanyagihugu bo mu ntara ya Ngozi kuza gushigikira imigwi izo kina inkino zanyuma, hatibagiwe imvukira z’intara zashitse mu rukino rwanyuma.

Inkino zizoba uku gukurikira:

Ikibanza ca gatatu: Gitega- Mwaro

Urukino rwa nyuma: Bujumbura Mairie- Bururi

Inyuma y’izo nkino zibiri, hazoba urukino ruzohuza imigwi iserukira amakomine yari yashitse mu rukino rwa nyuma mw’ihiganwa ry’amakomine.

Tubibutse ko izo nkino zatunganijwe mu ntumbero y’ugutsimbataza inyigisho z’ugukunda igihugu hamwe n’ibikorwa vy’urwaruka rwari mu buruhuko vyabereye mu gihugu cose.

1,681 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel