Scroll to Top

Agahinda ni kose mu karirimbo Last Chance Mtnumber one yasohoye

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 13 Sep 2017 20:43 PM / /

Akaririmbo gashasha Last chance ka Mt Number one kumvikanyemwo agahinda kenshi

Inyuma y’akaririmbo Nzoruguha, Mt Number one yahavuye asohora akandi karirimbo yari yemeye gushira ahabona Vuba cane, ako nako akaba yakoze Last Chance.

Muriko uwo muririmvyi yumvikana asaba imbabazi n’agahinda kenshi kuba yarababaje umukobwa, akinginga avuga ko yohabwa amahirwe ya nyuma kuko atazosubira.

Ako karirimbo akakaba kasohokeye uno musi Ku rubuga rwiwe rwa YouTube, aho hasohotse Video irimwo amajambo agize iyo ndirimbo gusa. Mu kiyago twaheruka kugirana yari yamenyesheje ko ata Video azosohora ubwa mbere ngo bikunze bikazokorwa mu nyuma.

Mt akaba azwi cane mu turirimbo tw’urukundo dukunze cane gusohokana n’amasanamu aza asukuye gose, ayo akaba amenshi anakorerwa aha Iwacu n’ibikoresho bitari bike biva mu nzu y’ubuhinyanyuzi yiwe bwite.

4,470 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel