Scroll to Top

Ukuri ku bucuti buri hagati ya Ashley Diva n’umumenyeshamakuru akomeye muri Kenya

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 13 Sep 2017 20:47 PM / /

Ubucuti buhagaze ku guteza imbere umuziki wiwe mu gihugu ca Kenya (Promotion) nibwo yunze n’ikiganiro Mseto EA.

Ashley Diva n’umumenyeshamakuru Mzazi W. tuva Ku musi was Siku Mbili Launch muri Kenya

 

Ngo hariho ubucuti budasanzwe Ashley Diva yunze na Mzazi W. tuva umwe mu bamenyeshamakuru bakomeye muri Afrika y’ubuseruko.

Mu kiyago twagiranye gito twabanje kumubaza icoba catumye ashima kwerekana ubwa mbere mu gihugu ca Kenya Akaririmbo Siku Mbili kandi afise izindi zikiza kandi n’izindi. Yatumenyesheje ko ari ukubera ariko karirimbo yaheruka gusohora.

Nayo tumubajije ubucuti buhari hagati yiwe na Mseto EA ikiganiro c’insamirizi Citizen Radio kiremeshwa na Mzazi W. tuva, kuko aribo bamushigikiye muri Ico gikorwa, yashimangiye ko ubucuti bwabo ari Ku bikorwa vy’umuziki bijanye n’ukumenyekanisha cane ibikorwa vyiwe muri Kenya (Promotion).

Ashley Diva akaba uko imisi igenda abandanya ateza imbere umuziki wiwe, ubu akaba abarizwa mu baririmvyi baserukira Uburundi muri Afrika y’ubuseruko. Muri Kenya akaba asigaye ari na rutumwako mu biteramo bitandukanye bihakorerwa.

Mu misi ya hera akaba yari yamenyesheje ko akiriko ararondera abasahiri (Management) mu gihugu ca Kenya, ariko ico gihe akaba yavuga ko atarayironka. Tukizera ko ubu vyafashe inzira nziza.

10,122 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel