Scroll to Top

Hagati ya Diamond Platnumz na Hamissa Mobeto ntibigiye kworoha

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 13 Sep 2017 23:16 PM / /

Umwana wa Mobeto bivurwa ko Diamond ari se, agiye gukorerwa neza neza nk’ivy’abana Ba Diamond na Zari bakorewe bakwije imisi 40 bavutse.

Ibintu ntibigiye kworoha kuri Diamond Platnumz. Imisi iriko irababa 40, Hamissa Mobeto ashikanye umwana yise amazina y’uwo bise se, Diamond Platnumz, uwo bakaba bavuga ko ari umwana w’ico gihangange.

Uwo mwigeme naho abihakana uwundi mwanya akavyemera mu kinyegero, avuga ko ku musi wa 40 umwana avutse azoca ashira ahabona isura yiwe. Uwo akaba kandi azoca akora urubanza rw’akataraboneka rw’ukumwerekana ku mugaragaro nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru TUKO co Ku gihugu ca Kenya.

Ivyo vyose haba kumara imisi 40 aterekanye uko umwana asa, haba kumukorera umusi mukuru w’akataraboneka, bikaba vyabonetse no Ku bana babiri Ba Diamond na Zari Prince Nilan na Princesse Tiffat Dangote.

Abatari bake mu ba fans ba Diamond co kimwe n’abuwo mwigeme bakaba barindiranye igishika cinshi kubona uwo mwana ngo barabe nimba yoba asusa na Diamond Platnumz ubwiwe.

Mwomenya ko Mama wa Diamond nawe yaheruka kumenyesha ko yemera ko umwana wa Mobeto nk’umwuzukuru wiwe kuko ngo na Mobeto ni nk’umwana wiwe.

12,163 total views, 3 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel