Scroll to Top

Patiri Thomas Uzhannalil yarekuwe

By Julien Barinzigo / Published on Wednesday, 13 Sep 2017 21:40 PM / /
Patiri Thomas arekuwe

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 13 nyakanga, umwungere wa ekereziya gatorika, Papa Fransisiko yarakiriye umusaseredoti Thomas Uzhannalil inyuma y’amezi 18 ari mu minwe y’abagawanyi babajihadisite.Bakaba bari bamunyuruje igihe bari bahejeje kugandagura bunyamaswa umuryango w’ababikira babasanze mu gasengero kabo.

Patiri Thoma ataranyuruzwa

Patiri  Thomas Uzhannalil akaba yari yanyurujwe n’abagizi banabi bitwa abajihadisite mu gihugu ca Yemeni muri ntwarante 2016 .Ayo makuru y’   irekugwa ry’uyo musaseredoti akaba yaranezereje umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’igihugu ca Ostrariya akaba yagiriyeko anayemeza kuri uyu wa 12 nyakanga.

Papa Fransisiko yamwakiranye igishika naho nawe nyene yaheruka gukomereka gatoya iruhande y’ijisho kuri uyu w’Imana igihe yiseka ku cuma c’imodoka izwi kw’izina rya Papamobile isanzwe imwunguruza ari mu gihugu ca Korombiya.

Patiri Thomas yakirwa na Papa Fransisiko

Abandi bapatiri babiri bakaba gushika ubu bari mu minwe y’ababanyuruje muri mukakaro igenekerezo rya 17. Abo nabo ni abo muri diyosezi ya Butembo-Beni mu gihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi.

10,129 total views, 1 views today

Categories : homepage kirundi

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel