Scroll to Top

#indundi | Zari yeretse Diamond ko naho atohaba yotunga umuryango

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 16 Sep 2017 01:00 AM / /

Kubwa Zari ngo naho Diamond atoba yofasha umuryango we nyene yovyikorera kuko amafaranga nawe arayafise.

Zarinah Hassan benshi bazi nka Zari the boss Lady umutambukanyi wa Diamond Platnumz, ngo ubuzima bwiwe bwobandanya uko buri naho Diamond atoba akirikumwe nawe, nkuko amakuru dukesha “Tuko” ikinyamakuru co mu gihugu ca Kenya abivuga.

Uwo muvyeyi w’abana babiri  afitaniye na Diamond yamenyesheje ku rubuga rwiwe rwa Instagram ko umuhisi akaba n’uwahoze ari umugabo wiwe banaronkeye hamwe abana batari bake ngo yarondeye uburyo butari buke bumutuma we n’abana biwe bobaho neza.

Juma kareem….

A post shared by Zari (@zarithebosslady) on

Uwo mugore yabandanije kandi yemeza ko abana biwe yavyaranye n’umugande w’umunyamafaranga aheruka gusandabira mu gihugu ca Afrika y’epfo, Ivan, basanzwe ari abanyamafaranga bakomeye gusumba uko abantu bokwibaza.

Zari the Boss akaba yahavuye afatanya ivy’amafaranga n’ubutunzi hamwe n’ubuzima bw’urukundo afitanye na Diamond aho yavuze ko hakuja kurwanira umugabo ngo yotuma aja kurwanira amasoko amwinjiriza amadorari buri indwi.

Ivyo bishitse mu gihe uwo muryango ugendera ku mahwa kubera ikibazo c’abana bavuka hanze n’ubusambanyi bwagirizwa Diamond Platnumz ubwiwe.

28,444 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel