Scroll to Top

”KURIRA IJISHO RIMWE” ni ireresi ibica bigacika

By La Rédaction / Published on Sunday, 17 Sep 2017 00:56 AM / /

”KURIRA IJISHO RIMWE” ni ireresi idasanzwe itanga inyigisho ku bavyeyi bata umuryango wabo bakirukira ibintazi, ibiyagayaga bagasiga intuntu n’umubabaro mu muryango bibagiye ko ”uta agatongo utagateshejwe kagatumako akandi ngo urampora”.

Muri make, KIBUTURA amaze gukorera se atamuzi akabana na mukase w’umwicanyi amuzi yaragerageje kugarukana amahoro n’umwizero mu muryango abicishije mu bwitonzi n’ubukerebutsi ntangere.

Iyi reresi yataziriwe ”KURIRA IJISHO RIMWE” ikaba yakozwe na ”IMPANO Video” ifadikanije na ”IMPANO Pictures Films”, itegurwa yongera ishirwa mu ngiro na Amédé Manirakiza, ihagarikiwe na Lionnel Bizindavyi hamwe na Samuel Harerimana, iraheza ifatwa amasanamu na Happy River Nzambimana hamwe na Berger Vumiliya.

Kurikirane igice ca mbere n’ica kabiri c’iyi reresi ”KURIRA IJISHO RIMWE” muciye kuri http://Nihotv.com , ikaba yakinywe n’abarundi bahurikiye mu murwi ALCAL RP iraheza ikinwa mu rurimi kavukire rw’ikirundi.

7,016 total views, 3 views today

Add Comment

Comments (1)

Fiston
2017-09-21 00:00:00

Big up kabisa turabashigikiye ahubwo baratuha niyindi turayishaka

Write a comment ...
Post comment
Cancel