Scroll to Top

Don Brighter agaruka ku bwiza bw’Uburundi

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 17 Sep 2017 14:41 PM / /

Don Brighter mu karirimbo “Bambarize” yashize ahabona, agaruka cane Ku bwiza n’inkomezi z’abarundi n’Uburundi.

Inyuma y’amasanamu y’akaririmbo “My World” yaheruka gushira ahabona, Don Brighter yasubiriye gushira ahabona amasanamu y’akandi karirimbo nkuko yari yavyemereye abakunzi b’umuziki wiwe.

Muri ako karirimbo “Bambarize” kari mu mudiho utambika, Brighter avuga ahanini ubwiza bw’igihugu ciwe c’amavukiro, Uburundi. Muriko aragaruka kandi kuri basensankuyoze aho ahamagarira abarundi kubima amatwi bagateza Igihugu Imbere.

Brighter akaba mu kiyago yaheruka kugiriranira na Indundi Magazine yamemyesheje ko ako karirimbo ari akanyuma yakoreye amasanamu ah’Iwacu aho yaheruka mu karuhuko, utundi ngo ashobora kuzodukorera muri Amerika.

7,401 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel