Scroll to Top

Yashimiwe kubona yaragwaniye abigeme banyurujwe

By Julien Barinzigo / Published on Tuesday, 19 Sep 2017 03:59 AM / /

Uko umwaka utashe, isirahamwe riraba impunzi kw’isi HCR hamwe n’ugwego ryo muri Norovege rwita ku mpunzi biratanga agashimwe kitiriwe Nansern kagahabwa umuntu yaranguye ibintu bidasanzwe mu gufasha impunzi n’abatagira aho baba.Uyu mwaka ako gashimwe kazoronswa Zannah Mustapha kuko yafashije kugira imishikirano kugirango abigeme bari banyurujwe n’abagwanyi ba Boko Haram babakuye kw’ishure ryisumbuye Chibok mu mwaka w’2014 babone gusubizwa mu miryango baturukamwo .

Nkuko vyemezwa n’iradiyo y’abafaransa RFI, Zannah ntiyagarukiye gusa kuri iyo mishikirano yarubatse ishuri i Maiduguri ni mu buseruko bwa Nigeriya.Iryo shure yari yaryubakiye abana b’impfuvyi  babitewe n’amatati.

Uwo munyanijeriya akozoshikiriza ako gashimwe igenekerezo rya 2 gitugutu .

4,111 total views, 59 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel