Scroll to Top

Ivya Diamond vyatekurutse, yemeye ko yaciye inyuma Zari

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 20 Sep 2017 03:01 AM / /

Diamond Platnumz yahavuye yemera ko ariwe se wumwana wa Mobeto. 

Mu gihe hari hagize imisi induru ifatiye Ku mwana wa Hamissa Mobeto vyavurwa ko yavyaranye na Diamond, Ku musi w’ejo Diamond yaramaze amakenga abantu bose bashaka kumenya ukuri.

Mu kiganiro kuri Clouds Fm canacishijwe ikibiriraho(Live) kuri Clouds Tv, Diamond yariyemereye ko ariwe se w’umwana wa Hamissa. Akanemeza ko atigeze aba afise intego yo kwihakana amaraso yiwe, ngo ico yashaka kwari ugukingira umuryango wiwe – wiwe na Zari-.

Muri Ico kiyago Diamond yemeje ko yigeze kuba afise ubuciti n’uwo mwigeme ariko mu nyuma birahagarara, ariko amaze kurushinga na Zari ngo aza gukora ikosa bimuviramwo gutwaza inda Mobeto.

Diamond yahavuye ahishura ko atigeze amutererana umwana -Hamissa-, kuko kuva abimenya ngo yamugumye hagufi, aho atari nyina yarahamubereye. Aca atanga ivyemezo ko yatanze 7,500,000 Tsh ngo Hamissa je kwibarukira mu bitaro vy’abigenga, eka anagirako amugurira imodoka yo mu bwoko bwa Rav4.

Iyo ntare batinya ikaba yanagiriyeko isaba imbabazi umuvyeyi wa Tiffat na Nillan n’abana ubwabo Ku bibazo yabateye.

Mwomenya ivyo bishitse inyuma yaho habonekeye ama foto ya Diamond na Hamissa bari mu gitanda baryamanye.

5,040 total views, 3 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel