Scroll to Top

Abahamagarira gufasha abanyagihugu mu buzima bwabo bwa misi yose

By La Rédaction / Published on Thursday, 21 Sep 2017 01:08 AM / /

Abamenyeshamakuru bakora ku maradiyo atandukanye ari mu gihugu ndetse n’ibinyamakuru bitandukanye bahamagarirwa kwama na ntaryo bashikiriza ibiganiro n’amakuru bifasha abanyagihugu mu buzima bwabo bwa misi yose.

Ivyo ni ibiherutse gushikirizwa n’umushikiranganji w’ukumenyeshamakuru, Nestor Bankumukunzi, mu gihe yari aramutse yugurura ibikorwa vy’ukwongerereza ubumenyi n’ubuhinga abamenyeshamakuru vyariko bibera ku murwa mukuru w’intara ya Gitega ku musi wa kabiri uheze, igenekerezo rya 19 Nyakanga uwu mwaka.

Umushikiranganji Bankumukunzi akaba yasavye amaradiyo n’ibimenyeshamakuru ko mu gutanga amakuru bokwama na ntaryo bashimikira ku bisata bifasha abanyagihugu na canecane nk’igisata c’amagara y’abantu, igisata c’indero, uburimyi n’ubworozi, imibano n’ibindi, nayo ibijanye na politike muri bino bihe ngo abanyagihugu bavyitaho buhoro.

Umushikiranganji Bankumukunzi yaciye anaboneraho guhamagarira abamenyeshamakuru gutegura neza abanyagihugu muri bino bihe turiko twegereza amatora anabasaba kwama na ntaryo batagira aho bahengamira mu gushikiriza amakuru na canecane mu kwubahiriza amateka n’amategeko agenga umwuga wabo w’ukumenyesha amakuru.

 

5,179 total views, 5 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel