Scroll to Top

Abamaze kuronswa umuzibukiro yabasavye kuba baritegurira kwimuka

By La Rédaction / Published on Friday, 22 Sep 2017 01:16 AM / /
                                                             Vincent Nibayubahe, Directeur Général, offices des Routes

Ivyirwa vy’ugusubiramwo ibarabara riva muri karitiye ya Gihosha rikazunguruka gushika mu gisagara ca Bujumbura ngo biriko birakorwa n’ibiro mpuzamakungu bisanzwe bikora ben’ivyo vyirwa ”PROSPECTIVA”.

Ivyo ni ibiheruka gushikirizwa na Vincent Nibayubahe asanzwe ari umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe gukurikirana ibijanye n’amabarabara mu Burundi ”Office des Routes”, akaba yabishikirije mu gihe yari yishikiye ku rubuga kugira ngo yibonere aho ibikorwa vy’ugusubiramwo ibiraro vyari vyasinzikaye bigeze, kw’ibarabara RN1.

Vincent Nibayubahe akaba yaramenyesheje kandi ko hari n’umugambi w’ukwubaka ibarabara rizova ahari ikirimba gishasha c’umukuru w’igihugu mu Gasenyi, iryo naryo ngo rikazoca ku ruzi Gikoma gushika kw’isoko ikunze kwitwa ”kwa Siyoni”.

Yaboneyeho kandi n’ukwibutsa abanyagihugu basanzwe batuye muri karitiye ya Mutakura baza baramaze kuronswa umuzibukiro ko boba baritegurira kwimuka mu misi ya vuba.

5,156 total views, 3 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel