Scroll to Top

Ihinguriro ry’ibikoresho vy’ukwubaka ”Musumba Steel” ngo ryaje hageze

By La Rédaction / Published on Friday, 22 Sep 2017 05:31 AM / /

Umukuru w’igihugu cacu, Petero Nkurunziza yaraye yuguruye ihinguriro rihingura ibikoresho vy’ukwubaka amazu ”Musumba Steel”.

Kuri uwu wa kane twaraye turangije, igenekerezo rya 21 Nyakanga niho umukuru w’igihugu cacu, Nyakwubahwa Petero Nkurunziza yugurura icese muri karitiye Industriel mu gisagra ca Bujumbura ihinguriro ”Musumba Steel”, iryo naryo rikaba rigiye guhingura ibikoresho vy’ukwubaka amazu.

Iryo hinguriro rikaba ryiyumviriwe n’umunyamitahe w’umurundi azwi kw’izina rya François Uwiragiye rikaba ryatwaye amafaranga y’amanyamerika agera ku miliyoni mirongo itatu na zibiri (32 millions de dollars americains).

Ihinguriro ”Musumba Steel” rikaba risanzwe rihingura amabati, imisumari n’ibindi bikoresho bisanzwe bikoreshwa mu kwubaka amazu eka ngo mu kwezi kwa Ruhuhuma kw’umwaka buca dutangura wa 2018 naho ngo rikazoshobora gushira kw’isoko ivyuma vy’ukwubaka ” fers à béton” mu kinyamazuru.

Iryo hinguriro kandi rikaba rifise ubushobozi bw’ukwimbura ama tubes agera ku bihumbi 780 ku mezi atatu rikoresheje ibikoresho ”matière première”  bigera ku matoni ibihumbi bitatu.

Dieudonné Zigabe asanzwe ari umuyobozi mukuru w’iryo hinguriro amenyesha ko bivanye n’abakozi b’abahinga bafise bagera ku 213, ngo kazoza k’iryo hinguriro karagaragara ko ari keza ndetse ngo bakaba bashobora n’uguhiganwa n’ayandi mahinguriro yo mu karere ; aboneraho n’ugusaba Leta y’Uburundi kubafata mu mugongo na canecane mu bijanye n’amakori.

Twobamenyesha ko ihinguriro ”Musumba Steel” ko ryabonye izuba mu mwaka wa 2014 ariko ingorane zashikiye Uburundi zikaba zitarishize inyuma rikaba ryabonye gutangura kurangura imirimo yaryo inyuma y’imyaka ibiri mu mwaka wa 2016.

4,278 total views, 4 views today

Add Comment

Comments (1)

nikiza
2017-09-22 00:00:00

imbr ni hza

Write a comment ...
Post comment
Cancel