Scroll to Top

Babbi yahavuye asohora amasanamu ya “Kikomando”

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 23 Sep 2017 19:31 PM / /

Ayandi masanamu inyuma ya “Kwasakwa”, yahavuye asohorwa kuri uyu wa gatandatu. “Kikomando”.

Inyuma y’ukwezi kurenga havurwa ko akaririmbo “Kikomando” buca gasohoka, ako karirimbo kahavuye gashirwa ahabona Ku musi w’ejo.

Ako karirimbo imbere yuko gasohoka kakaba kabanje kurindira umusi wa gatanu igenekerezo rya 22 nyakanga, kuko uwo musi kari kateguriwe White Party. Ako karirimbo kakaba Kasohorewe imbere y’ibihangange mu kumenyekanisha abanyamuziki, biva mu mice itandukanye ya Africa ariko basanzwe baba muri America.

Ako karirimbo kahinyanyuriwe muri amerika kakaba kabonekamwo amasanamu asukuye, ibibanza vyiza, kabonekamwo kandi abakobwa beza n’imodoka zizimvye.

Ako karirimbo kakaba kabaye aka kabiri asohoreye amasanamu muri uno mwaka wa 2017, aho Utwo twose uwo muririmvyi adukorera muri America. Akaheruka kari “Kwasakwa”, gakurikirwa na Sexy Girl ko katarabasha gukorerwa amasanamu.

4,373 total views, 3 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel