Scroll to Top

Junior Fed Cup: Sada Nahimana ” Dushimishwa n’urwego tugezeko” [Video]

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 24 Sep 2017 12:46 PM / /

 

Kuva kw’igenekerezo rya 18 Nyakanga, mu gisagara ca Budapest ( Hongrie), hariko  harabera ihiganwa ry’isi mu rukino rwa Tennis (Cup Davis : Junior Fed  Cup), ihiganwa ryaserutsemwo abakinyi b’abarundi batatu( Sada Nahimana, Katambala Hoziane na Niyokuru Aisha).

 

Sada Nahimana, umwe muri abo bigeme, mu gihe ku munsi wa gatanu yari ahejeje gukramwo umugwi w’igihugu c’Ubushinwa Tapei, imbere y’ikinyamakuru cegukira ishirahamwe rya Tennis kw’isi ITF, yashikirije aya majambo y’umunezero.

” Turashima aho tugeze kuri uno mwanya, twakinye n’i bihangange, twaje  turi ibihugu bibiri gusa vyo muri Afrika. Nsanzwe nkorera imyimenyerezo muri Casablanca ( Maroc), ivyatumye shika kuri runo rugero.”Aho ni mu gihe bagenziwe basanzwe bakorera imyimenyerezo mu gisagara ca Nairobi.

Sada Nahima , yaraherutse kwitabira rimwe mw’ihiganwa rikomeye cane kw’isi rya US Open, mu ntango za kuno kwezi. ku gice c’abatarenza imyaka 20. Uburundi bukaba bwaronse uruhusha rw’ugukina igice ca 16 muri iryo higanwa.

 

8,430 total views, 4 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel