Scroll to Top

Ukuri ku bana bivurwa ko Diamond platnumz afise i Bujumbura

By KING YANN COOL / Published on Monday, 25 Sep 2017 16:02 PM / /

Abamwambitse inteba ishushe ko afitanye abana na Diamond ngo bashaka kumucafuza n’ukwironderera aba Fellows kuri Instagram.

Honey Asmah na Diamond Platnumz

Uwavuze ko afitanye abana na Diamond ngo yashatse kumudugirako ngo bikunde aronke aba Fellows kuri Instagram. Ivyo nivyo bishikirizwa n’uwiswe Honey Jesca ariko vyukuri akoresha akazina ka Honey Asmah Ku muhora wa Instagram.

Mu kiyago gitoya yagiranye n’ikinyamakuru cacu yavuze ko ata mwana bafitanye na Diamond, kandi ngo n’irya Account yavyanditse ngo siyiwe ariko n’uwamwiyitiriye.

Kubwa Asmah ngo uwabikoze yashaka kumucafuza kandi akironderera kumenyekana acishije kuri Diamond ubwiwe, kuko ngo muri kino gihe uwubikoze aheza akamenyekana vyoroshe.

Kuncafuza tu canke kugira aronke followers, kandi ubu umuntu akiamua kutafuta kiki aki use jina la Diamond kiki inakubali kabisa.”

Asmah arababazwa cane na bamwe mu baguma bamwagiriza banemeza ko yoba ariwe yavyanditse kandi atari we, aho akavugamwo Lolilo yanabibeshuje abicishije ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Just ndiyamye abankurikiza amajambo yivyo batazi...”

Uwo muvyeyi w’abana batatu ngo yaguye mu gahundwe abonye ko bariko bavuga ko afitanye abana na Diamond, akaba yabisanze ku mbuga za Instagram zo muri Tanzania zikwirakwiza urusaku (Umbea) asanzwe akurikirana.

Mwomenya ko gushika ubu ata yindi nkuru iyarwa muri Afrika ataruko Diamond afise amahasa i Bujumbura bavyaranye n’uwo mwigeme.

8,970 total views, 3 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel