Scroll to Top

Umukuru w’inama nkenguzamateka akebura abanyakabonga kwisuganya

By Julien Barinzigo / Published on Wednesday, 27 Sep 2017 10:49 AM / /

Mu rugendo arimwo mu ntara ya mavukiri yiwe, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi, Reveriya Ndikuriyo yabonanye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 27 nyakanaga n’abaserukira abandi bo muri zone Kabonga yo muri Komine ya Nyanza-Lac.

Muri uyu mubonano, umukuru w’inama nshingamateka yari aherekejwe na musitanteri wa Komine Nyanza-Lac,Jean Claude Nduwayo hamwe na buramatari w’intara ya Makamba, Gad Niyukuri.
Mu gihe hitezwe ikivuko kigiye kubakwa aho muri zone Kabonga nko ku birometero 10 ivuye ku rubibe igihugu c’Uburundi gihana na Tanzaniye, Reveriyano Ndikuriyo yasavye abanyakabonga kubaka neza ngo bitegurire urududandazwa ruzobera muri ico kivuko kugira ngo ntisigwe n’amajambere.
Kuva mu mwaka w’1993 gushika ubu , iyo zone ya Kabonga yamira mw’igenda garuka ry’impunzi z’abarundi kuko vyoroshe kujabuka urubibe.Muri ino misi havugwa ajagari gategwa n’abamwe bahurikiye mw’ishenegero rya Pentekoti muri zuguruzuguru bafitaniye n’uwurongoye iryo shengero, Pastori Yona.

1,027 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel