Scroll to Top

Abanyagihugu bahamagariwe kutemera ibintazi n’ukubumbwa n’umugore umwe.

By Indundi Staff / Published on Friday, 29 Sep 2017 10:50 AM / /

Mu  Ntara ya Muyinga aho , ahitwa i Gasenyi muri Komine Mwakiro ku musi wa gatatu ugeze , aherekejwe n’inyamiramabi zikorera aho muri  iyo Ntara,  Buramatari w’iyo Ntara Umupfasoni Aline Manirabarusha yari aramutse atanga impanuro zikomeye zijanye n’uko abanyagihugu bo mu ma Komine Mwakiro na Buhinyuza  boreka kuza barishinga ibintazi.

Aho muri izo Komine rero ngo barabangamiwe n’ukwemera ibintazi  aho mbere ica iba n’inyendamuvano y’umutekano muke na narirya uwiketwseko uburozi bishoboka n’uko ahasiga agatwe akagandagurwa.

Uwo mutegetsi yarongeye kandi aragira ico ashikirije ku bijanye n’abagabo boya kubumbwa n’umupfasoni umwe maze ngo bakabandanya biruka inyuma y’imiyabaga y’abigeme. Bwa  mpanuro rusangi  yarahejeje aributsa ko hejuru y’uruhojojo rw’ingorane ziherekeza iyo ngeso, nyabuna ngo vyongera bigasahura urugo mu matungo yarwo na narirya iyo miyabaga nayo idaheza ngo ibakire  imbokoboko.

5,575 total views, 2 views today

Categories : Burundi french homepage

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel