Scroll to Top

Firipo Nzobonariba : ” Ntawuzokwemera uwuzoza gutohoza ivyaha avuga ko Uburundi butazi gutohoza”

By La Rédaction / Published on Saturday, 30 Sep 2017 04:00 AM / /

Mu kiganiro catanzwe n’abavuzi b’inzego zitandukanye zigize Reta y’Uburundi ku bamenyeshamakuru n’abanyagihugu caraye kibereye mu ntara ya Ngozi kuri uyu wa 29 Nyakanga kw’ihoteri ”Hôtel de plateaux”, umuvugizi wa Reta y’Uburundi Firipo Nzobonariba yaragarutse ku kibazo c’abahinga batatu baherutse gutorwa n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika kugira ngo barungikwe aha iwacu kuza kuraba ibivurwa ku Burundi.

Abahinga batatu baherutse gutorwa n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika kugira barungikwe aha iwacu kuza kuraba ibivurwa ku Burundi, ngo barahawe ikaze. Yamara Reta y’Uburundi ngo ikaba yiyamiriza abahinga baza bavuga ko baje kugira amatohoza ku vyaha vyakozwe aha mu Burundi kandi ubutungane bw’Uburundi aribwo busanzwe bubifitiye ububasha ndetse bukaba bufise n’ubumenyi buhagije, abo bantu bazoba baje kuvogera ubutungane bw’Uburundi ngo bazobandanya babiyamiririza kure kiretse mu gihe ngo bazoba baje bazanywe n’ukudutera intege mu buhinga tugezemwo ubu.

Firipo Nzobonariba asanzwe avugira Reta y’Uburundi anamenyesha kandi ko kuva kera Uburundi butigeze bwanka ko hari abahinga mvamakungu baza gukorana n’abarundi yamara ko bwase abaza gutanga amategeko mu Burundi bashaka kuyemeza ibinyoma bitari vyo.

Nayo kubwa Gaspard Baratuza avugira igisirikare c’Uburundi, ngo nta musirikare n’umwe w’umurundi ari ku butaka bwa Kongo. Aranemeza n’uko ata barwanyi bateye ibirindiro vy’abasirikare kuko ”atavyo boshobora”.

 

10,336 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel