Scroll to Top

#indundi Sports| Mavugo Laudit yaraye ahaye amahirwe yo gusubira mu kibanza ca mbere Simba Sc

By Radjabu Bosingwa / Published on Monday, 02 Oct 2017 03:02 AM / /

Hari kur’uwu w’Imana igenekerezo rya 01 Gitugutu umwaka wa 2017 ku kibuga ca Kambarage kiri Ishinyanga aho umugwi Stand United usanzwe umenyerezwa n’umurundi Amars Niyongabo yari yakiriye Umugwi Simba Sc ikinamwo Mavugo Laudit, urukino rwarangiye ku bitsindo 2 vya Simba Sc kuri 1 ca Stand United.

 

Muri ivyo bitsindo bibiri Simba Sc yaraye itsinze harimwo igitsindo c’Umusatirizi Mavugo Laudit. Ico gitsindo akaba yacinjije mu ntango z’igice ca kabiri aho yari yinjiye ku munota wa 46, haciye umunota umwe aca arinjiza igitsindo Ku munota wa 47 w’urukino mu gihe igitsindo ca mbere ca Simba cari cinjijwe na kiza Kichuya Ku munota wa 17 w’urukino.

Iyo tsinzi ikaba itumye uwo mugwi usubira mu kibanza ca mbere mwi higanwa rya Tanzania Vodacom Premier League , Simba Sc ikaba ikwije amanota 11, ikaba inganya niyindi migwi nka Mtibwa Shuga hamwe na Azam Fc. mu kibukako Ku musi wa gatandatu umukeba wabo ariwe Young African yari yanganije 0-0 n’umugwi Mtibwa Shuga.

Abo bakinyi ba Simba Sc baraye begukanye amanota atatu bari bayanyotewe, bica bituma basubiza icizere ku barorerezi b’uwo mugwi inyuma yaho mu rukino ruheruka bari banganije n’umugwi Mbao Fc ibitsindo 2-2

3,002 total views, 4 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel