Scroll to Top

Abakinyi ba Ninde bakinanye Comedy n’abahatari mu gutwenza

By KING YANN COOL / Published on Monday, 02 Oct 2017 05:07 AM / /

Umurwi w’abakinyi ba Comedy AMG bafadikanije n’umurwi w’abakinyi ba Ninde ngo bagiye gushira ahabona Comedy baheruka gukina.

Pregare na Munyare

Abahatari mu gutwenza(A.M.G) umurwi w’abakinyi ba Comedie usanzwe umenyerewe cane kubera bamwe mu.bawugize , Pregare canke Gitoro mbere na Kabizi Ku musi w’ejo bari ku ntara ya Gitega aho bari bagiye gufata amasanamu ya zimwe muri Comedy bazosohora Vuba cane.

Mu kiganiro gito twagiranye na Gitoro umukuru wabo yatwemereye ko bariko bakinana n’umurwi wa Ninde, aho bakavuga ko Ku musi w’ejo baraye bahejeje gufata amasanamu y’izo Comedy.

Gitoro na Munyare

Twashatse kumenya Igihe bazozisohorera, atubwira ko bizoba ari Vuba cane. Aho akamenyesha ko uwuriko arabakorera amasanamu ari uwarasanzwe ayabakore kuva na kera.

Mwomenya ko abo bose bari bagize imisi basohora ama Comedy bakorana, aho tukavuga nk’iya Gitoro ari umumenyeshamakuru hamwe na Pregare yari uwutwara ikinga.

6,339 total views, 9 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel