Scroll to Top

Basket Ball: Uburundi ntibwitabiriye ihiganwa ry’akarere ka 5.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 02 Oct 2017 10:46 AM / /

Kuva ku munsi w’Imana twaraye turangije (1/10/2017), mu gisagara ca Kampala, haraye hatanguye inkino z’akarere ka gatanu, mu rukino rwa Basket Ball. Uburundi bukaba butashoboye kwitabira rino higanwa mu gihe bwari guserukirwa n’imigwi igera kuri ine.

Kw’igenekerezo rya 10 Nyakanga, mu ntara ya Ngozi niho hari hamenyenkanye imigwi izoserukira Uburundi, inyuma y’aho umugwi wa Dynamo mu bagabo, wari uhejeje gutahakana igikombe, hamwe na Young Sisters ku ruhande rw’abigeme.

Urutonde rw’iyi migwi rwari rwongeweko imigwi ibiri, Friends Team mu bagabo hamwe na Aigle Noir Basket Ball mu bapfasoni. Ku munota wa nyuma niho hamenyekanye ko ata mugwi n’umwe wo mu Burundi wahavuye witabira iryo higanwa mu gihe iyo migwi uko ari ine yari yamaze kwiyandikisha ko izoseruka.

Ivyo bikaba bibaye mu gihe, ihiganwa ry’igihugu ryabaye abatari bake  bataryemera ko ata mategeko ryakurikije, na cane cane abo mw’ishirahamwe ryo mu gisagara ca Bujumbura( ACEBAB).

Uburundi bukaba bumaze imyaka ibiri butitabira ayo mahiganwa, n’ubwo bumaze kuba butwara iryo higanwa incuro zitatu ku ruhande rw’abagabo ( Urunani) hamwe n’incuro imwe ku ruhande rw’abigeme ( Berco Stars).

4,585 total views, 2 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel